MONTREAL (CANADA) : CONFÉRENCE INTERNATIONALE SUR LE GÉNOCIDE HUTU DE 1972 AU BURUNDI Evocation sur la "Voix de l’Amérique" (Entretien animé par Frédéric Nkundikije en Kirundi).

MONTREAL (CANADA) : CONFÉRENCE INTERNATIONALE SUR LE GÉNOCIDE HUTU DE 1972 AU BURUNDI

Evocation sur la "Voix de l’Amérique" (Entretien animé par Frédéric Nkundikije en Kirundi).

Ikoraniro Ryo Kwibuka Ubwicanyi Bwabaye Mu Burundi Mu 1972, Ryabereye I Montreal

Kw’igenekerezo rya 3 ry’ukwezi kwa gatanu mur’uyu mwaka w’2014, abarundi baba mu gihugu ca Canada, baratunganije ikoraniro ryo kwibuka ubwicanyi bukabije bwabaye mu mwaka w’1992.

VOA - Ijwi ry’Amerika - 14.05.2014 22:12

Iryo koraniro ryarangiye hashikirijwe ibintu bitari bike bisabwa, birimwo kw’abaguye mur’ubwo bwicanyi busubizwa umutamana, maze aho kuvuga ko bar’amamenja, vyemerwe ko bishwe bahowe ubwoko bwabo.

Abantunganije iryo koraniro barasavye kandi kw’amakungu hamwe n’abarundi bemera kw’ubwicanyi bwabaye mu mwaka w’1972, bwar’ihonyabwoko.

Barasvye kandi kw’abaguye mur’ubwo bwicanyi bubakirwa icicaro.
Twaratumiye bamwe mu bantu bashikirije ayo majambo hamwe n’abari bahishikiye ku giti c’abarorerezi :

Mur’iki kiganiro mushobora kwumviriza ambassaderi Jean-Marie Vianey Ndagijimana, ari mu bantu bashikirije amajambo ku vyerekeye ivyo babonye mu Burundi mu mwaka w’1992 ; Venant Ntabona, ari bantunganije iryo koraniro, hamwe na Regine Cirondeye, yakwirikiranye iryo koraniro :